Mukama Yezu, ni Wewe uhamagara, uko Wishakiye no mu gihe Wishakiye. Ncira inzira, komeza umutima wanje, ntegura bikwiye, unshikane kw’ibanga ry’ubusaserdoti niwaba ari wo mugambi umfitiye. Zibira, hagarika icipfuzo n’ingingo izarizo zose zinshikana kuri iryo banga niwaba atari wo mugambi umfitiye. Komeza intambwe zanje Mukama, noye kuguhemukira, mbashe kukuronderana umwizero n’ukwihangana mu bimbabaza vyose. Umuvyeyi Bikira Mariya Mama, Ansabire. Amen