Uzogeza ryari kumpisha mu Nyonga hawe Mukama, ndakurondera bugica bukarinda bwira nkikurondera sinkubone, akabi nakoze karanyagiriza, umubiri wanje numva uremerewe kuko umutima wanje wuzuye amaganya n’ukwicuza kwinshi. Hindukiza Inyonga zawe Mukama, Undabe gushasha, Uhaguruke, Uze kunsanganira, Unyicarike ku bibero vyawe maze akabi nakoze kabone kumva inyuma, nsubirane umwizero w’ubuzima, numve ko ntari jenyene. Nzokurondera bugica burinde bwira kandi ukunyiyereka niryo sezerano wansezeraniye. Akira umutima wanje, Uwuhoze, wumve kugufise, ndashaka kumva ko turi kumwe, ko uriko Urandera, kuko Umfitiye umugambi. Iyo nkebaguje hirya no hino sindakubone umutima urasimba nkatangura kwicuza, sekibi ikaza, igatangura kunsogota. Ntumpishe mu Nyonga Hawe Mukama, nshiramwo ugushaka kwawe sinzokwiyinkore, subiza mazima amagufa yanje yari yajanjaguritse kubw’akabi nakoze. Ntunshibure ngo nkuve mu Maso, ntera iteka riho umpe umutima uzira akabi, utegera Urukundo rwawe kandi woroshe kugira mbashe kwakira ishaka ryawe. Mpa akaryo keza mbashe kukwubura n’ukwubura umuhamagaro wanje ndi n’umutima utekanye nzi ko ndi kumwe n’Umuvyeyi. Umuvyeyi Bikira Mariya Mama Ansabire. Amen Merci Seigneur
Profitez pleinement de tout le contenu Prier Aujourd’hui avec l’application mobile gratuite (Parcours, Prier Avec…, Prières, Saints, …)
l'application Prier Aujourd'hui